Uwaturikije ikibombe mu ndege ni umwigisha

somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Harun Maruf
Image caption Indege y'ishirahamwe ya Daallo yatezwemwo ikibombe

Umwigisha umwe yigisha ikorowani, yamenyekanye ko ari we yagize igitero ca bombe caturikiye mu ndege itwara abantu mu gihugu ca Somalia, yariko yerekeza mu gihugu ca Djibouti, gisiga igitoboro ku gikono c’ibitoro kw’itariki zibiri z’ukwezi kwa kabiri muri uyu mwaka.

Abdullahi Abdisalam Borleh, yajugunywe n’ico kibombe cari muri ndege yo mu bwoko bwa Airbus 321, igihe iyo bombe yaturika umwanya muto inyuma y’aho iyo ndege ivuye hasi ku kibuga c’indege ca Mogadishu.

Abategetsi b’iperereza bemeza ko Borley, aturuka mu karere kiyonkoye ku gihugu ca Somalia, Somaliland, yanjiranye iyo bombe abibona.

Umugwi w’abarwanyi biyitirira idini rya Islam wa Al-Shabab, baremeje ko ari bo bagize ico gitero, ariko nturashira ahagaragara ababigizemwo uruhara.

Nta wundi muntu yapfiriye muri ico gitero, cabaye inyuma y’iminota 15 ivuye hasi.

Vyabaye ngombwa ko iyo ndege isubira kugwa ikitaraganya kuri ico kibuga c’indege ca Mogadishu mu gihugu ca Somalia.