Igitangaza c'umupfasoni yatwaye imbanyi ari mw'ibohero

vietnam Uwufise ububasha kw’isanamu HOANG DINH NAM AFP Getty Images
Image caption Abapolisi bane bahagaritswe bagirizwa ugusamara

Abapolisi bane bacunga amabohero mu gihugu ca Vietnam bahagaritswe bagirizwa kudakora neza inyuma y’aho umugore umwe yaciriwe igihano co gupfa atwariye imbanyi.

Abagira amatohoza bavuga ko Nguyen Thi Hue w’imyaka 42, yitwaje imbanyi akoresheje imbuto z’umugabo apfunzwe, kugira igihano yahawe ntikije mu ngiro.

Amategeko muri Vietnam avuga ko umupfasoni yibungenze canke afise umwana ari musi y’imyaka itatu, adahobora kwicwa, mu kibanza y’ico gihano aca acibwa urubanza rwo guhera mu munyororo.

Ubu rero vyitezwe ko igihano ciwe kigabanurwa kuva ku gihano co gupfa, ace apfungwa ubuzima bwiwe bwose, kuko azoba afise umwana ari musi y’imyaka itatu.

Abategetsi bavuga ko Hue yaguze imbuto ku munyororo w’umugabo w’imyaka 27, amadollars 2,300.

Uwo munyororo yamuhaye imbuto ziwe incuro zibiri mu kwezi kw’umunani mu mwaka 2015.

Vyitezwe ko uwo mupfasoni yibaruka mu kwezi kwa kane.

Ivyo vyashitse mu ntara ya Quang Ninh, mu buraruko bw’ico gihugu, n’aho igipolisi ata co cabivuzeko.

Mu mwaka 2007, abapolisi babiri bacungera amabohero mu ntara ya Hoa Binh, mu buraruko bw’ico gihugu, bararekuye umupfasoni umwe aratwara inda, nk’uko biri mu kinyamakuru la Thanh Nien. Vyatumye aticwa.