Burundi: Igihano cy'urupfu kigiye gusubiraho?

Image caption Emmanuel Ntahomvukiye, minisitiri w'ingabo

Igihano co gupfa gishobora kugarukanwa mu Burundi.

Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye, igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka co kimwe na bagenzi bajejwe umutekano n’imigenderanire.

Abo nabo bagirije Urwanda ko 90% y' ibigwanisho bihungabanya umutekano mu Burundi ariyo bizanana.

Yishura ku kibazo c’ingene mu Burundi hatosubira kuba abagaregeza gutembagaza ubutegetsi nk’uko vyabaye mu kwa gatanu mu mwaka uheze , aho hari umugwi w'abasirikare bashatse gutembagaza prezida Nkurunziza bikaburizamwo.

umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvikiye yavuze ko hariko harigwa ingene hogarukawa igihano ruhasha.

Yagize ati ”Ni uguhana abarenze amategeko ya gisirikare n'ayo igihugu.

Hari mbere n' umugwi uriko uriga neza ingene igihano co gupfa naho cakuwemwo mu mategeko y'uburundi cosubizwamwo, kuri abo bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi n'abo bashaka kuza barica indongozi.”

Igihano co gupfa cafuswe mu mategeko y’uburundi mu 2009. Ubu igisigaye gisumba vyose n’umunyororo wo guherayo.

Niwo waciriwe bane mu bantu 28 bagiriwe n’icaha co kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu mwaka uheze.

Uwundi yisshuye ibibazo vy' abashingamateka ni umushikiranganji w 'umutekano Alain Guillaume Bunyoni .

ku kibazo co kumenya aho igikorwa co kwaka ku nguvu ibigwanisho biri mu banyagihugu kigeze, yamenyenyeshe ko mu mwaka wa 2015 hafashwe inkoho nini 22, inkoho zisanzwe 643, pistolet 22, grenade 851 , amasasu arenga ibihumbi 30 hamwe n’amabombe 14.

Ivyo vyose vyafashwe mu kringo c 'amezi atandatu gusa.

Alain Guillaume BUNYONI yavuze ko igice kinini c 'ivyo bigwanisho bimaze iminsi biteye isibe mu gihugu bizanana mu Rwanda.

Yagize ati ”90% biva hanze kandi vyazananye n' iyi migumuko yarije gutembagaza ubutegetsi, kandi vyaje bizananye mu gihugu c'u Rwanda”

Leta y’Uburundi yari isanzwe yagiriza Urwanda kwinjiza no kwigisha impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu mu mwiteguro wo gushinga imigwi yitwaje ibigwanisho yo gutera Uburundi.