Abashikiranganji batatu imbere y'inama nshingamateka

uburundi
Image caption kuva i bubamfu; Emmanuel Ntahomvukiye, Alain Nyamitwe na Alain Guillaume Bunyoni

Abashikiranganji batatu, uwo kwivuna abansi, uwo imigenderanire n’amakungu n’uwo umutekano, bitavye inama nshingamateka kugira bishure ibibazo bijanye n’ubushikiranganji barongoye.

Umushikiranganji w’umutekano yabajijwe aho igokorwa co gukura ibigwanisho mu banyagihugu giteye.

Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko mu mwaka wa 2015 hafashwe inkoho nini 22, inkoho zisanzwe 643, pistolet 22, grenade 851 hamwe n’amabombe 14. Muri ivyo birwanisho, ibirenga amajana atatu ngo vyavuye mu gihugu c’Urwanda.

Ivyo ngo bikaba vyafashwe mu kiringo c’amezi atandatu gusa.

Ku kibazo c’abajejwe umutekano baja mu bahungabanya umutekano, umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni avuga ko bariko bariko barategura ingingo ruhasha zofatwa.

Alain Guillaume Bunyoni arahakana ko hari abantu bafatwa hanyuma bakabura irengero.

“Twagize amatohoza dusanga nta bantu babura irengero, ahubwo izo nkuru zikwiragizwa n’abashigikiye imigumuko. Kandi twasanze hariho n’inkozi z’ikibi ziyambika impuzu z’abajejwe umutekano.” Ni ko Alain Guillaume Bunyoni yishuye.

Alain Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire yabajijwe ico ariko arakora kugira anagure imigenderanire y’ibihugu vya Buraya, Amerika n’Urwanda.

“ Tubandanya gusigurira amakungu ko vyinshi mu bivugwa ku Burundi atari vyo,” uko ni ko Nyamitwe yishuye.

“Uravye amatangazo basohora mu misi iheze, n’ayasohoka ubu, hari icahindutse. Nk’inama ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya riherutse gutunganya ku Burundi, benshi basaba ko dufatirwa ibihano, ariko basavye ko hashirwa imbere ibiganiro.” Uko ni ko Alain Nyamitwe yabandanije asigura.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yasavye ko abasirikare boba bagifise agatima ko gushaka gutembagaza intwaro, ko bocira birarura.

“Abagifise ako gatima bovavanura na ko kuko hariho n’abatanguye gusaba ko igihano co gupfa cogarukanwa kuri abo bantu.” Uko ni ko umushikiranganji wo kwivuna abansi, Emmanuel Ntahomvukiye, avuga.

Image caption Mu nama nshingamateka

Na yo imigwi imaze kwiyemerera ko itera Uburundi, ni Forebu ugizwe n’abashatse gusenyura intwaro, Red-Tabara, FNL ya Nzabampema hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike usanga batanga ivyo birwanisho.

Umuri w’iyo migwi ngo ni ugucungera imbibe z’igihugu no kubandanya gusaka ibigwanisho bifiswe n’abatabifitiye uburenganzira.