Inkuru z'ikibiriraho ku matora yo muri Uganda

Umuvugizi w’ishyaka riharanira impinduka inyuze muri demokarasi, FDC, Ssemujju Ibrahim Nganda yemeje ko umukandinda utavuga rumwe na leta muri Uganda, Kizza Besigye, yatawe muri yombi ari i Naguru.

Bwana Nganda yabwiye BBC ko yari ku nzu aho ishyaka ritavuga rumwe na guverinoma ryemeza ko hibirwa amajwi y’ibyavuye mu matora. Abarwanashyaka basabye ko inzu isakwa ariko barabyangirwa.

Besigye yahise atabwa muri yombi ashyirwa mu modoka ya polisi.

Ntibisobanutse neza aho yajyanywe.

15:47 Amatora ku biro vy’itora vya Ggaba, I Kampala arahagaritswe kubera imishamirano yadutse hagati y’igipolisi n’abatora.

15:16 Prezida Yoweri Museveni, yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe wa NRM, yatoreye ku biro vy’itora biri kw’ishure ryisumbuye rya Kaaro, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Daily Monitor.

14:34 Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu Amama Mbabazi yanditse ku rubuga rwa twitter:” Nakoze ivyo ndekurirwa n’amategeko nk’umunyagihugu mu gutora muri aya matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka 2016.”

Mu nyuma yongerako ko:”Jewe n’umupfasoni wanje Jacqueline duhejeje gutora. Namenyeshejwe ko bimwe mu biro vy’amatora vyuguruye biteba. Ndabasavye murindire mutore.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Amama Mbabazi Twitter
Image caption Amama Mbabazi yatoreye mu karere ka Kanungu

14:00 Umuvugizi w’akanama ko kumenyeshamakuru muri Uganda, Jotham Taremwa, yavuze ko ata nkuru afise y’uko ako kanama katanze itegeko ryo kugara imbuga ngurukanabumenyi za twitter na facebook nk’uko biriko biravugwa mu binyamakuru vyinshi. Ivyo yabivugiye mu kiganiro co kuri television NTV

13:00 Akana kajejwe gutegura amatora gasaba abantu gutekana.

Mw’itangazo, akanama kajejwe gutegura amatora kemeye ko habaye ingorane zo gucererwa kw’amatora mu turere twa Wakiso na Kampala. Ariko bavuze ko izo ngorane zatoye umuti, amatora agatangura henshi, bagasaba abanyagihugu gutekana.

Ako kanama kemeye ko abatazoba baratora isaha cumi z’umugoroba, baza kwemererwa kubandanya gutora.

12:48 Umumenyeshamakuru wa BBC, Charlotte Attwood, yari mu kibanza kimwe co gutoreramwo mu karere ka Nansana, hagufi ya Kampala, aho yabonye ikamyo itwaye amasandugu y’amatora, mu gihe amatora amaze amasaha atanu vyitwa ko yatanguye.

12:32 Ntiwibaze ico ibesani iriko irakora ku biro vy’amatora. Zikoreshwa n’abaje gutora mu kuzuza ku mpapuro z’atamatora abo bacaguye.

12:19Ku biro vyinshi vy’amatora, hari imirongo miremire. Abadandaza baharonkeye akoyoko. Nk’uyu mupfasoni ariko aradandaza ku baje gutora amazi, mu karere ka Mbale, mu buseruko bwa Uganda. Agatu kamwe k’amazi akagurisha amashiringi 100 ya Uganda.

11:50 Uwuhanganye muri ayo matora y’umukuru w’igihugu na prezida Yoweri Museveni , Dr Kizza Besigye, yamaze gutora nk’uko bimenyesha n’ikinyamakuru ca reta, New Vision.

11:28 Uyu mugabo ari muba mbere bahejeje gutora ku biro vy’itora vya Mbale. Yerekana urutoke basize irangi.

11:20 Umupfasoni ariko arashira ikarata yiwe y’itora mw’isandugu mu gisagara ca Mbale, mu buseruko bwa Uganda.

10:40 Muri bimwe mu biro vy’amatora, amatora ntaratangura kubera impapuro zitarashika hamwe n’ibindi bikoresho nkenerwa.

07:56 Ibimenyeshamakuru vya Uganda bivuga inkuru zerekeye amatora gusa.

07:45 Mu bibanza vyinshi amatora yatanguye n’aho habaye ugucxererwa. Aha ni Kalangala aho abantu bariko baratora.

07:44 Hari inkuru zivuga ko abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi za Facebook na twiteer bagira ingorane. Ariko Whats app iriko irakora neza.

07:30 Vyari bitegekanijwe ko amatora atangura isaha imwe yo mu gitondo, ariko ku biro vy’amatora henshi, n’aho abaza gutora bari bashitse, amatora ntaratangura, abaje gutora bakaba bariko baridoga. Ku biro vy’itora vya Kamwokya kw’isoko nkuru, ibikoresho vyo gutora biriko birazanwa buhoro buhoro. Uwurongoye abacungera amatora bo mw’ishirahamwe rya Commonwealth, uwahoze ari prezida wa Nigeria, Olusegun Obasanjo, yari kuri ivyo biro.

Image caption Olusegun Obasanjo arongoye abarorerezi b'amatora bo hamwe rya Commonwealth
07:09 Ibiharuro nkenerwa vyerekeye amatora yo muri Uganda ariko araba.

Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu 8 Ibibanza abashingamateka bitorezamwo 290 Ibiro vy’amatora 28,010 Abiyandikishije gutora 15,277,196

07:00 Ibiro vy’amatora biruguruwe.

06:40 Abatora baratanguye gushika ku biro vy’amatora. Aha ni ku biro vy’itora vya Kalangala, mw’izinga riri mu kiyaga Voctoria.

06:30 (Isaha yo muri Uganda) Ndakuramukije! Twizeye ko waramutse amahoro. Turaguhaye ikaze mu nkuru z’ikibiriraho zerekeye amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka ariko araba mu gihugu ca Uganda.

Abantu barenga imiliyoni 15 mu gihugu c Uganda uyu musi baratora abayobozi babo, harimwo n’amatora y’umukuru w’igihugu aho hahanganye abantu umunani harimwo prezida Yoweri Museveni aramutswa ico gihugu muri kino gihe.

Ibiro vy’amatora vyugurura isaha imwe yo mu gitondo, vyugare isaha cumi z’umugoroba.