Inama ku bimukira hagati ya EU na Turkia

europe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abimukira barokotse hagufi y'izinga rya Lesbos

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, EU, n’igihugu ca Turkia, bigeye gutunganya inama idasanzwe yerekeye ikibazo c’abimukira mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi.

“Gufata ingingo kuri ico kibazo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, EU, na Turkia, ni vyo biza imbere,” uko ni ko prezida w’akanama ka Buraya, Donald Tusk yavuze inyuma y’ibiganiro vyarangiye mw’ijoro ku cicero ca EU I Bruxelles.

Eu yemeye guha Turkia imiliyaridi 3.3 z’amadollars kugira ico gihugu cakire impunzi ku butaka bwaco.

Abantu barenga umuliyoni barashitse muri EU mu 2015, bituma haba ingorane zikomeye zo kuzakira ibintu bitari bwigere biba kuva habaye intambara ya kabiri y’isi yose.

Autriche yashizeho umukwabu kuva ku wa gatanu, ku bimukira bashika mu bumanuko bw’ico gihugu giturumbuka, kivuga ko igitigiri c’abinjira kitajanye n’amategeko ya EU.

Ku wa kane, abimukira boba bashika 900 baratabawe hafi y’amazinga ya Lesbos y’igihugu c’Ubugiriki, nk’uko bimenyeshawa na Frontex.

Mu nama zitandukanye, haraza kuba n’ibiganiro vyo gusubiramwo ikibanza ca UK muri EU, mu masaha yo mu gitondo, inyuma y’aho ubwongereza buvugiye ko bufise ibindi bikorwa bikomeye mw’ijoro.