Amakuru y'ikibiriraho y'ivyavuye mu matora muri Uganda

15:14 Umurongoye akanama kajejwe amatora Badru Kiggundu ahejeje gutangaza ibindi biharuro bimaze kumenyekana bivuye mu matora.

Ibiharuro bivuye mu biro 12,465 kuri 28,010

. Abed Bwanika 42,270 0.98%

. Amama Mbabazi 74,127 1.71%

. Baryamureeba Venasius 28,840 0.67%

. Benon Biraaro 13,495 0.31%

. Kizza Besigye 1,414,708 32.72%

. Joseph Mabirizi 12,510 0.29%

. Maureen Kyalya 21,693 0.50%

. Yoweri Museveni 2,715,914 62.82%

Aho bivuye: Mu kanama kajejwe amatora muri Uchaguzi Uganda (EC)

15:06 Umukuru w’akanama kajejwe gutegura amatora Badru Kiggundu, arinjiye mu kibanza ca Kiprotich, I Namboole, kugira atangaze ibindi biharuro bivuye mu matora.

14:09 Kizza Besigye n’umukuru w’umugambwe wa FDC Mugisha Muntu bafatiwe ku cicero c’uwo mugambwe I Najanankumbi, nk’uko bimenyeshwa na television ya NBS. Igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi mu gushiragiza abayoboke b’uwo mugambwe.

13:00 Inkuru zivuga ko icicaro gikuru c’umugambwe utavuga rumwe na reta wa FDC (Forum for Democratic Change), cugarijwe n’abajejwe umutekano.

12:35 Umukuru w’akanama kajejwe amatora, Badru Kiggundu vyitezwe ko ashira ahabona ibindi biharuro vyavuye mu matora isaha umunani.

11:50 Imbuga ngurukanabumenyi mu gihugu ca Uganda n’ubu ziracugaye ku musi ugira kabiri. Mu kanya gato mw’ijoro, abantu barashoboye gukoresha izo mbuga, ariko mu gitondo vyanse. Ejo prezida Museveni yavuze ko iyo ngingo yafashwe kubera imvo z’umutekano.

11:26 Akanama kajejwe gutegura amatora katangaje igice c’akabiri c’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aho vyerekana ko prezida Museveni Arusha Dr Kizza Besigye amajwi umuliyoni.

Ubu ibimaze ibiharuro bimaze kumenyekana ku biro 10,246 ku 28,010 n’ibi:

. Abed Bwanika 35,487

. Amama Mbabazi 60,694

. Baryamureeba Venasius 23,380

. Benon Biraaro 11,176

. Kizza Besigye 1,182,025

. Joseph Mabirizi 10,266

. Maureen Kyalya 18,444

. Yoweri Museveni 2,191,283

Aho bivuye: Akanama kajejwe amatora muri Uganda (EC)

08:25 Vyitezwe ko umukuru w’akanama kajejwe gutegura amatora Badru Kiggundu, atangaza igice kigira kabiri c’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mu biharuro vyari vyatangajwe ubwa mbere n’ako kanama kajejwe gutegura amatora, vyerekana ko prezida Museveni ari we aza imbere, agakurikirwa na Dr Kizza Besigye.

Ivyo biharuro vyavuye ku biro vy’itora 6,448 ku 28,010

. Abed Bwanika 22,180 (1.0%)

. Amama Mbabazi 41,291 (1.87%)

. Baryamureeba Venasius 15,260 (0.69%)

. Benon Buta Biraaro 7,228 (0.33%)

. Kizza Besigye 738,628 (33.47)

. Mabirizi Joseph 6,833 (0.31%)

. Maureen Kyalya 12,742 (0.58%)

. Yoweri Museveni 1,362,961 (61.75%)

07:05 Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe FDC, Dr Kizza Besigye, ubu aridegemvya inyuma yo guhagarikwa no gupfungwa akanya gato n’abajejwe umutekano.

Besigye n’uwahoze arongoye igisagara ca Kampala Elias Lukwago bagiye ku nzu polisi ivuga ko ari iyabo mu karere ka Naguru, Kampala, bashaka kwinjira kuyisaka. Dr Besigye na bagenzi we bavuga ko iyo nzu yariko irakoreshwa mu kwiba amatora. Igipolisi cabihakanye.

Umuvugizi w’igipolisi, Patrick Onyango, yavuze ko ari umukuru w’igipolisi gusa ashobora gutanga uruhusha rwo kwinjira muri iyo nzu.

“Dr Kizza Besigye yafashwe kubera yariko aragerageza kwinjira mu kibanza atarekuriwe, mu nyuma yarekuwe. Yaciye ajanwa muhira iwe Kasangati. Amatohoza kuri ivyo vyashitse aracabandanya,” ni ko yavuze.

Image caption Besigye ari mw'ihotel ya Imperial Royal amaze kurekurwa

07:50 Amahoro! Turizeye ko mwaramutse amahoro. Turabahaye ikaze mu nkuru z’ikibiriraho zerekeye ibibera mu gihugu ca Uganda inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ejo ku wa kane.

Amajwi arabandanya guharurwa mu turere twinshi. Ku biro vy’amatora bimwe bimwe mu gisagara ca Kampala no mu ntara ya Wakiso, aho amatora yabayemwo ibibazo, amatora arabandanya uyu musi.