Burundi:Indwi 2 zimirije zirakomeye cane

Image caption Perezida Nkurunziza yakira intumwa za LONI

Intumwa y’Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu bihugu vy’ibiyaga binini avuga ko indwi 2 zimirije zizoba zikomeye cane ku Burundi mu nzira yo gutorera inyishu ibabibazo vya politike.

Thomas Perriello yabivuze ahejeje urugendo rw’iminsi 3 mu Burundi.

Ku wa gatandatu yakoranye ibikorwa rusangi na Prezida Pierre Nkurunziza mu ntara ya Cibitoke.

Periello yavuze ko Uburundi bwimirije kugenderwa ku ndwi iza n’intumwa za ONU na Africa ku rwego rwo hejuru.

Hitezwe umunyabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon n’abakuru b’ibihugu 5 barungitswe n’ishirahamwe rya Africa.

Ku ndwi ikurikira naho hazokorana inama y’bakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’Ubuseruko (EAC).

‘’Kazoba ari akaryo keza cane kuri leta y’Uburundi kugira yerekane ko ifise ishaka ryo gutera ije imbere mu gushiraho icuka c’umutekano co gukoreramwo ku bamenyeshamakuru n’abatavuga rumwe na leta’’.

Thomas Perriello yavuze ko uburyo bwonyene bwo kwemera ivyo leta ivuga ko ibesherwa ku bijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane ari ukureka abagenzuzi ba Afrika n’abamenyeshamakuru bigenga bakabitohoza .

Iyo ntumwa ya Amerika ivuga ko muri urwo rugendo yabonye ibimenyetso vyerekana ko leta y’Uburundi ishaka gutera ija imbere.

Amaradiyo 2 yigenga yuguruwe ku wa gatanu, Abantu 15 nabo barakurwako imitahe yabarondera ku ruhara boba baragize mw’igeragezwa ryo gutembagza ubutegetsi.

Muri abo batakironderwa n’ubucamanza harimwo Leonard Nyangoma arongoye CNARED, inama ihurikiyemwo abatavuga rumwe na leta y’Uburundi.

Ariko Perriello avuga ko kwugurura amaradiyo atari ''ugukura amagufuri ku nzugi z’aho bakorera gusa’’.

Ku myiyerakano yo kwiyamiriza Urwanda n’umukuru warwo Paul Kagame ku ruhara rw’Urwanda ‘’mu guhungabanya Uburundi’’, Thomas Perriello avuga ko yashimye ko Perezida Nkurunziza yasavye ko abavuze amajambo yo gutyoza Urwanda n’umukuru warwo muri iyo myiyerekano bofatwa bagahanwa.

Image caption Kagame na Nkurunziza

Ibibazo biri mu Burundi vyatanguranye n'impari ku ngingo ya Prezida Pierre Nkurunziza mu kwezi kwa kane yo kwitoza kurungora Uburundi ikiringo kigira gatatu.