Utumanyu twa plasitiki muri shokola

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ihinguriro ry'ibiribwa vya chocolat rifise icicaro muri leta zunze ubumwe za Ameirka, Mars, ryategetse ko bimwe mu bidandazwa vyaryo bikurwa mu mangazini mu bihugu vya Buraya birimwo Ubudage, Ubufaransa n'Ubuholandi, nyuma yaho habonekeye utumanyu twa plastique mu mbombo.

Ibidandazwa vyakuwe mu mangazini birimwo Chocolat za Mars, Snikers hamwe na Milky Way, ariko iryo hinguriro ntiryavuze ibidandazwa bifise ico kibazo uko bingana.

Birimwo chocolat zifise itariki ntarengwa yo kuribwa iri hagati y'ukwezi kwa gatandatu k'uyu mwaka n'ukwa mbere kw'umwaka uza.