Video z'abakundana basangiye igitsina zirabujijwe muri Kenya

kenya
Image caption Umukuru wa KFCB Ezechiel Mutua

Akanama gashinzwe kwihweza neza video zerekanwa mu gihugu ca Kenya(KFCB) kamaganye video imwe iharanira agateka k’abakundana basangiye igitsina.

Uwo muziki witwa “ Same lOVE9Remix)” ni uwasubiwemwo, ukaba wari waririmbwe na Macklemore hamwe na Ryan Lewis mu mwaka 2012.

“Same Love” uboneka nk’umuziki uvugira abakundana basangiye igitsina ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Youtube.

Ntibiramenyekana inzira ako kanama kazokurikiza mu kwubahiriza iyo ngingo.

Umukuru w’ako kanama, Ezechiel Mutua, yamenyesheje iyo ngingo abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter.