Jenner ashaka gukora akazi kadatuma aboneka cane

america
Image caption Kylie Jenner

Kylie Jenner ashaka guheba akazi aje mu budandaji.

Kylie Jenner ariteguye guhagarika akazi, nk’uko yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Ico camamare akiri muto mu kiganiro Keeping up with the Kardashian, yabwiye ikinyamakuru kimwe muri Amerika ko ukuba ari ku mbuga ngurukanabumenyi vyagize ingaruka ku gihagararo ciwe.

Jenner avuga ko yabonetse bikwiye, ko rero ubu yipfuza gukora akazi gatuma atagaragara cane.

Yavuze ko afise abantu bamukurikirana imiliyoni 52 ku rubuga rwiwe rwa Intagram hamwe n’abandi barenga imiliyoni 14 ku rubuga rwa twitter.

Image caption Umuvyeyi wa Kylie Jenner

Ku myaka 18 afise y’amavuka, yabonetse kuri television imyaka 9 no ku mavideo y’abaririmvyi nka Tyga na Jaden Smish.

Yarigeze kuba umunya mudeli kuri television kandi avuga ko ari vyo ashaka gukora.

“Namye gutyo buri musi, nshaka kuba umudandaza kandi atamenyekana. Kylie Jenner arakwiye guhagarika akazi.”