Imishatsi ya Lennon yaguzwe 35,000$

america Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imishatsi ya John Lennon yagurishijwe amadollar 35,000

Imishatsi y’umuririmvyi rurangiranwa wa Rock akaba ari na we yatanguje umugwi wa “ The Beatles”, John Lennon, yitavye Imana haraheze imyaka 36, yagurishijwe ku madollars ibihumbi 35,000 mu camunara mu gihugu ca Amerika.

Uwahora amwa uwo muririmvyi rurangiranwa, yanyegeje iyo mishatsi ahejeje kumwa uwo muririmvyi, igihe yariko aritegura gukina muri film imwe.

Lennon yishwe mu mwaka 1980 mu gisagara ca New York muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGES
Image caption John Lennon

Umwe mu bakunzi ba Lennon birenze urugero wo mu gihugu c’Ubwongereza ni we yanditse ko yotanga ayo mahera ibihumbi 35 vy’amadollars.

Ibindi bikoresho vyakoreshejwe mu rukurikirane rw’indirimbo za “The Beatles” vyaragurishijwe muri ico camunara co mu ntara ya Texas.

Bimwe muri ivyo bikoresho harimwo copie y’urukurikirane rwa “Yesterday and Today”, yagurishijwe ku madollars 150,000.