Chocolats za Mars zigiye kugarukanwa mw'ihinguriro

Hollande Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mars

Abakora chocolat za Mars mu gihugu ca Amerika bavuga ko bashaka ko ibihugu 55 bisubiza inyuma imiliyoni n’imiliyoni z’ama chocolat, inyuma y’aho umuguzi umwe wo mu gihugu c’Ubudagi asangiyemwo udupande twa plastique.

Bavuga koi zo chocolats zakorewe mu Buholande, igikarato zarimwo cavanganijwe n’ibipande vya chocolat ya Mars, Snickers na Milky Way.

Mu kuraba neza ko ivyo bahingura vyose biba bimeze neza, ihinguriro ry Mars, rishaka gusubiza inyuma chocolats zose ubu ziri kw’isoko, ngo zisubire mw’ihinguriro.

Mars yavuze ko igihe c’uko ivyo bahingura vyobaye vyononekaye ni hagati y’ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka n’ukwa mbere mu mwaka uza.

Iryo hinguriro ariko gushika ubu ntiravuga igitigiri ca chocolats zononekaye canke amahera bazohomba.

Ihinguriro rya Mars kandi ryasohoye itangazo ryo gusaba ikigongwe.