Instinzi ya Trump muri Nevada

amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump

Uharanira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba repubicains, Donald Trump, yatahukanye intsinzi mu ntara ya Nevada mu gihugu ca Amerika, bituma aguma ari mbere mu baharanira ico kibanza muri uwo mugambwe.

Uwo mugwizatunga ubu amaze gutsinda incuru zitatu, inyuma yahoo atahukaniye intsinzi mu ntara za New Hampshire na Caroline y’epfo.

Umukenguzamateka Marco Rubio na Ted Cruz bateranye amajambo muri iyi ndwi, ubu bariko baragwanira ikibanza ca kabiri.

Abategetsi b’uwo mugambwe bavuga ko bariko baragira amatohoza ku bivugwa ko hari abantu batora kabiri, mu gihe ahandi havugwa ibikoresho bike vy’amatora.

Hari na bamwe baza bambaye impuzu ziriko ifoto ya Trump, ariko abategetsi b’uwo mugambwe bavuga ko ivyo bitanyuranije n’amategeko.