Abakuru b'ibihugu vya Afrika 5 mu Burundi

burundi
Image caption Prezida Mohamed Ould Abdel Aziz wa Mauritania ari kumwe na Prezida Pierre Nkurunziza

Abakuru b’ihugu vya Mauritania, Senegal, Afrika y’epfo, Gabon, n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia bari mu Burundi kugira bafashe mu gutorera inyishu amatati amaze imisi asasika inganda.

Prezida wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz n’uwa Senega Macky Sall bashitse ejo ku mugoroba, mu gihe Jacob Zuma wa Afrika y’epfo n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn bashitse muri aka gatondo.

Image caption Prezida Pierre Nkurunziza yakira prezida wa Gabon Ali Bongo Ondimba

Uwushitse ubwa nyuma ni Ali Bongo Ondimba umukuru w’igihugu ca Gabo.

Bitegekanijwe ko abo bakuru b'ibihugu bagiriranira imibonano n'amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike, abarongoye amadini, umugwi w'igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi, CNDI, hamwe n'imigambwe itandukanye, imbere y'uko babonana n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.

Abo bakuru bibihugu barongowe n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, barungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, mu kigoro ko kuvugana na reta y’Uburundi ingene amatati ahamaze imisi yorangira.

Abo bakuru b'ibihugu baje bakurikirana n'umunyamabanga mukuru wa Onu, Ban Ki Moon, amaze imisi ibiri avuye mu Burundi kuganira n'abafise uruhara mu matati ahari, ingene yotorerwa inyishu biciye mu biganiro bidakumira.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ban Ki Moon ari kumwe na prezida Pierre Nkurunziza

Prezida Pierre Nkurunziza, yaremeye ko reta arongoye izitaba ibiganiro bihurikiyemwo bose, ariko akagabisha ko batazicarana n'abashatse gutembagaza ubutegetsi canke abamaze imisi bagira ibitero bitandukanye mu gihugu.

Ban Ki Moon yarashimye ingingo prezida w'Uburundi yafashe yo kurekura bamwe mubapfunzwe bashika 2000, hakaba hariho n'amaradio abiri yarekuriwe gusubira gukora, ariko akavuga ko intambwe iracari ndende.

Amatati yatanguye mu kwezi kwa kane umwaka uheze, aho abadashigikiye ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu bihereza amabarabara, baca batana mu mitwe n'abajejwe umutekano.

Image caption Gen Godefroid Niyombare yashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze

Umugwi w'abasirikare urongowe n'uwahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare, Gen Godefroid Niyombare, warashatse gutembagaza ubutegetsi, urananigwa, bamwe muri bo baca barahunga, abandi barafatwa, bakaba baherutse gucibwa urubanza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Kuva imyiyerekano iburijwemwo, haciye hatangura ibitero vy'inkoho n'amagrenade bimaze guhitana abantu batari bake, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Reta y'Uburundi yagiriza igihugu c'Urwanda ko ari co giha inyigisho za gisirikare impunzi zahungiye muri ico gihugu, nk'uko vyemezwa n'abamaze gufatwa hamwe n'abishikanye ku gushaka kwabo.

Onu n'igihugu ca Amerika na bo nyene baremeza izo nkuru ko Urwanda rushaka guhungabanya umutekano mu gihugu C'Uburundi.

Urwanda ruramirira kure ivyo Birego.

Image caption Ikambi ya Mahama iri mu gihugu c'Urwanda

Imishamirano iri mu Burundi imaze guhitana abantu barenga 400 aandi barenga ibihumbi 250 bakaba barahunze igihugu cabo, aho batse indaro mu bihugu bibanyi.