Abasirikare ba Kenya 180 ni bo baguye mu gitero ca El-Adde

somalia Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida Hassan Sheikh Mohmoud

Prezida wa Somalia, Hassan Sheikh Mohmoud yagize ico avuga ku gitigiri c’abasirikare ba Kenya bitavye Imana bazize igitero ca al-Shabab mw’ikambi yabo ya el-Adde, mu kwezi guheze.

Uwo mukuru w’igihugu yavuze ko ico gitigiri c’abasirikare kiri hagati ya 180 na 200 kuri Somali Cable TV.

Abarwanyi ba Al-Sabab bari bavuze ko bishe abasirikare 100, ariko Kenya ntiravuga igitigiri c’abasirikare baburiye muri ico gitero.

Uwo mukuru w’igihugu ca Somalia yariko arishura kuvyerekeye urugendo rwiwe mu gihugu ca Kenya inyuma hari aberekanye agashavu ku mbuga ngurukanabumenyi kubera ibitero vyagizwe mu buriro bwa Lido Beach, mu gisagara gikuru ca Somalia, Mogadishu mu kwezi kwa mbere.

Yavuze ko vyari ngombwa kunamira abasirikare ba Kenya babuze ubuzima. Igihe abasirikare bari hagati ya 180 na 200 ba kenya batumwa mu gihugu ca Somalia baje gufasha abanyagihugu ba Somalia, baca bicwa mu mutwenzi, si ikintu gisanzwe ko abashitsi bacu bicwa. Icari gisigaye n’uko abantu babo basiguriwe ko hari intambara, hanyuma bayigwamwo,” ni ko Sheikh Hassan Mahmoud yavuze.

BBC yavuganye n’abategetsi b’igisirikare ca Kenya, gushika ubu ata co barabivugako.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Kenya ntiravuga igitigiri c'abasirikare baguye mu gitero ca el-Adde muri Somalia

Inyuma y’ico gitero co kw’itariki 15 ukwezi kwa mbere, prezida Kenyatta yariyemeje ko igisirikare ca Kenya kizihora ababikoze.