Abatunze cane benshi ubu baba Beijing gusumba New York

beijing Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ubu abatunze gusumba abandi kw'isi ni 2, 188

Igisagara ca Beijing caciyeko New York mu bifise igitigiri kinini c’abatunze cane gusumba abandi, nk’uko bivugwa mu cegeranyo c’ishirahamwe rya Hurun tyo mu Bushinwa.Abatunze cane gusumba abandi 100 ubu ni bo baba muri ico gisagara gikuru c’Ubushinwa, ugereranije n’abagwizatunga 95 baba mu gisagara ca New York, nk’uko bibandanya bivugwa muri ico cegeranyo.

Igisagara ca Shanghai, kizwi ko ari co c’ubudandaji mu Bushinwa, kigira gatanu.

Hurun, ishirahamwe rikurikirana abagwizatunaga, haraheze imyaka itanu rikurikirana abatunze cane gusumba abandi kw’isi rifatiye ku mahera bafise mu madollars ya Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu

Basanze igisagara ca Beijing cakiriye abatunze cane gusumba abandi 32 kuva mu mwaka uheze, bituma gicako igisagara ca New York, cakiriye bane gusa.

Muri rusangi, Ubushinwa kandi bwaciyeko Amerika nk’igihugu gifise abatunze cane gusumba abandi kw’isi.

Ariko abanyamerika baracari imbere kuko ari bo bafise abatunze cane gusumba abandi 10 muri urwo rutonde rwa Harun.

Ubushinwa bufise abatunze cane gusumba abandi 568 inyuma yokongerako 90, mu gihe amerika ifise 535.

Abatunze cane gusumba abandi mu Bushinwa, bose hamwe bafise ubutunzi bungana $1,4 triliyoni, akaba angana n’amahera igihugu ca Australia cinjiza ku mwaka.

Umuntu wa mbere atunze mu gihugu c’Ubushinwa aracari Wang Jianlin, afise ubutunzi bwoba bungana n’amamiliyaridi 26 y’amadollards.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Umunamerika wa mbere atunze cane ni Bill Gates, afise amamiliyaridi 80 y’amadollards, akaba akurikirwa na Warren Buffett afise ubutunzi bungana n’amamiliyaridi 68 y’amadollards.

Uwugira gatatu n’uwukora urudandaza rw’impuzu wo muri Espagne, Amancio Ortega, afise amamiliyaridi 64 y’amadollards.

Ico cegeranyo ca Hurun kivuga ko ubu hari abatunze gusumba abandi kw’isi bashika 2, 188, kikaba ari co gitigiri gishasha.