Ibiganiro vyo hagati no hanze y'igihugu vyose birakenewe

burundi
Image caption Prezida Nkurunziza yakira prezida wa Gabon, Ali Bongo Ondimba

Abakuru b'ibihugu 5 bariko baragendera Uburundi ku wa kane ku mugoroba babanje kubonana n'abaserukira imigambwe ya politike hanyuma babonana n'abaserukira amashirahamwe adaharanira unyungu za politke n'amadini.

Mu gutanguza umubonano n'abanyeplotike, umukuru w'izo ntumwa Jacob Zuma yamenyesheje ko bazanywe no kuraba inzira zikenewe zo gushigikira utwigoro tw'akarere two gufasha Uburundi kugarukana amahoro.

Uwo mubonano uheze umwe mu batavuga rumwe na leta umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Leonce Ngendakumana, yavuze ko babahaye ubutumwa bw'ishirahamwe rya Africa hanyuma barabumviriza.

"Twumvikanye ko ibiganiro vyo hagati mu gihugu n'ivyo hanze vyose bikenewe kugira hatorwe inyishu," uko ni ko Leonce Ngendakumana yavuze.

Kimwe mu bibazo babajijwe kwari ukimenya niba bose bemera ko hari ingorane mu Burundi.

Ku bwa Ngendakumama bose ngo baremeye ko zihari ngo kubona abakuru b'ibihugu batanu bose bahaguruka bakaza mu Burundi conyene n'ikimenyetso ko hari ibitagenda neza.

Bitegekanijwe ko kuri uyu wa gatanu, abo bakuru b’ibihugu babonana n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Piere Nkurunziza.

Kuri izo ntumwa zitanu, bane nib o basigaye mu Burundi kuko umukuru w’igihugu ca Gabon yaraye atashe.