AMISOM irihweza ukuntu ikora muri Somalia

Abaserukiye ibihugu vyabo mu nama ya AMISOM i Djibouti
Image caption Inama ya AMISOM muri Djibouti yasavye ko hatangwa ubundi buryo

Abarongoye ibihugu bitanga abasirikare mu mugwi AMISOM uhagarariye amahoro muri Somalia, basavye ko hasubirwamwo vuba uko bahangana na Al Shabaab.

Iyi ngingo yafashwe mu mpera z'inama y'ibihugu biterera ingabo muri AMISOM i Djibouti, nyuma y'indwi zitari nkeyi haba bitero umunsi ku munsi vya Al Shabaab muri Somalia.

Abo barongozi bumvikanye ko hakenewe ubundi buryo bw'amafaranga hamwe n'ibikoresho muri ico gikorwa.

Abantu barenga mirongo ibiri baguye mu bitero bibiri vy'ibisasu mu muji wa Baidoa kuwa Mungu.

Mu bindi bice vy'igihugu, abo barwanyi ba jihad batanye mu mitwe n'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika inshuro nyinshi.

AMISOM yaje gufasha leta ya Somalia

AMISOM, n'umugwi wa gisirikare uhagarariye amahoro muri Somalia, washitzweko n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika mu 2007, kugira ufashe leta mfatakibanza ya Somalia ico gihe kugarukana umutekano mu gihugu.

AMISOM ihabwa abasirikare n'ibihugu umunani vyo ku mugabane wa Afrika, birimwo u Burundi, Uganda na Kenya, ikaronswa uburyo bwo gukora n'ibihugu vy'ibihangange, cane cane leta zunze ubumwe bwa Amerika.