ONU yatanguye kujana imfashanyo muri Syria

Image caption ONU yatanguye gushikana imfungurwa n'imiti kubaheze mu bigwati kubera intambara muri Syria

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatanguye igikorwa caguye co kujana imfashanyo muri Syria, mu gihe hari ihagarikwa ry'imirwano ry'agateganyo.

Iyo mfashanyo irajanwa mu bice abanyagihugu batagira isaganirizo kubera imirwano.

Mu minsi itanu iri mbere, ONU hamwe n'abo bikorana bategekanya gushikana ibifungurwa n'imiti ku bantu barenga imihumbi ijana na mirongo itanu, hakoreshejwe ahanini imiduga.

Umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe ibifungurwa kw'isi, PAM, yabariye BBC ko gushika mu bice bigoswe n'abarwanyi bigenda biroroha kuva aho ihagarikwa ry'imirwano ritanguriye.

Ngo ariko ibice bimwe bimwe, nta bundi buryo bwo kubishikanamwo imfashanyo kiretse hakoreshehwe indege zikayikororera hasi.