Gusambura inkambi y'i Calais birabandanya

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Inkambi y'i Calais mu Bufaransa yataziriwe "jungle", iriko isamburwa n'abajejwe intwaro

Abajejwe gusambura inkambi impunzi ziyubakiye ku kivuko ca Calais mu Bufaransa, barabandanya uno munsi akazi batanguye ejo ko kuyisambura.

Muri iri joro ryakeye, muri iyo nkambi yataziriwe "jungle" canke ishamba ry'inzitane, habaye itana mu mitwe hagati y'abapolisi n'abimukira bashaka kujabuka mu Bwongereza.

Abapolisi bakumira imyigaragamvyo bateye ivyuka bikoroza amarira ku bantu bariko baratera amabuye abasambura inkambi.

Abajejwe intwaro bavuga ko abimukira bategerezwa kwimukira mu makontineri yashizwe ku rundi ruhande rw'ico kibanza, ariko benshi mu bimukira ntibabikozwa.

Batinya ko bahagiye boca bategerezwa gusaba ubuhungiro mu Bufaransa, icizere cabo co gushika mu Bwongereza kikaba gitakaye.