Urubanza rw'uwasambuye Timbuktu muri ICC

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ahmad al-Faqi aregwa gusambura intatemwa icanda hamwe n'umusigiti

Kuri sentare mpuzamakungu mpanavya, ICC, iri La Haye uno munsi haratangura kwumvirizwa mu rubanza rw'uwagirizwa gusambura Timbuktu muri Mali.

Kwumvirizwa kw'uno munsi kugamije kumenya n'iba abarwanyi ba ki Islam bo muri Mali bokwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara kubera gusambura iminara ya Timbuktu, umwe mu miji ya kera cane uri mu burengero bwa Afrika.

Uru rubanza nirwatangura mu mizi, buzoba ari ubwa mbere ICC ica urubanza rwerekeye ivyaha vyo mu ntambara ku bantu bagirizwa gusambura ibibanza vy'idini hamwe n'amateka.

Uwagirizwa arenguka uno munsi ni Ahmad al-Faqi al-Mahdi, aregwa kuba yarononye intatemwa icenda hamwe n'umusigiti mu 2012, aho vyibazwa ko yari umukuru w'umugwi w'abarwanyi wa Ansar Dine.