Abashaka kwinjira mu gisirikare mu Buhindi bakoze ikibazo bari mw'ikareso

India
Image caption Igisirikare cavuze ko cabasavye gukura impuzu kugira ntigitakaze umwanya wo gusaka abaje gukora ikibazo benshi

Urwaruka amajana n’amajana mu ntara ya Bihar bakuwe impuzu basigara mw’ikareso gusa igihe bariko barakora ikibazo co kuja mu gisirikare kugira bababuze kurabanirako.

Amafoto yerekana abashaka kwijira mu gisirikare bicaye basobanije amaguru ku kibuga kiri mu gisagara ca Muzaffarpur, bambaye gusa amakareso.

Igisirikare cavuze ko cabigize” kugira ntibatakaze umwanya mu gusaka abo banyeshure benshi”.

Umwe muri abo bashaka kwinjira mu gisirikare yabwiye ikinyamakuru ca India Express ko yiyumvise “nk’uko yatswe agateka kiwe”.

Abategetsi bavuga ko abashaka kwinnira mu gisirikare 1,159 bitavye ikibazo co kwandika c’isaha yose co kuri uyu w’Imana, co kugira baje mu gisirikare c’ico gihugu.

“Tucinjira I Chakkar Maidan, ahabera ico kibazo, twasabwe gukura impuzu zose uretse gusa ikareso. Nta kundi twari kugira Atari ugukurikiza amategeko duhawe n’aho nyene vyari bitangaje. Umwanya wari wabatandukanya wari imetero umunani mu mpande zose,” ikinyamakuru Indian Express gisubiramwo ivayvuze n’umwe mubaje gukora ico kibazo.

Ico kinyamakuru kirasubiramwo ivyavuzwe n’umwe mu bategetsi bakuru ba gisirikare, avuga ko gusaba abashaka kwinjira mu gisirikare gukura impuzu ari ikosa ryakozwe.

Intara ya Bihar n’utundi duce two mu buraruko bw’Ubuhindi harazwi cane mu kwiba mu bibazo-mu mwaka uheze, reta y’iyo ntara yarabuze uko yifata inyumay’aho abavyeyi n’abagenzi bafatiwe amafoto bariko burira impome z’ishure kugira bahe inyishu abanyeshure bari mw’ishure.

Mu kwezi kwa mbere, reta yamenyeshe ingingo ruhasha nko gutanga amande n’igipfungo mu guhagarika ubwo busuma mu bibazo.

Ibindi bisa n’ibi