Korea ya ruguru irinuba ONU ku vy'agateka

Image caption Umushikiranganji wa Korea ya ruguru ajejwe imigenderanire, Ri Su-yong, avuga ko ONU ikarira igihugu ciwe

Korea ya ruguru yatangaje ko itazosubira kwitaba inama z'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, zihweza agateka ka zina muntu muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'ico gihugu, Ri Su-yong, yagirije akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu kuba kavangura ibihugu, avuga ko gasa n'akabangamira Koreya ya ruguru kurusha ahandi.

Akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu kariyamirije kenshi Korea ya ruguru kubera ukuntu ifata abanyagihugu bayo.

Uno munsi haraba amatora y'akanama ka ONU kajejwe umutekano, ku cemezo co gufatira Korea ya ruguru ibihano bishasha kubera igerageza ry'inguvu za nucleaire iheruka gukora.