Abashakashatsi batoye igituma umuntu amera imvi

america Uwufise ububasha kw’isanamu SPL
Image caption Imishatsi irimwo imvi

Abashakashatsi batoye agace kumubiri gatuma umuntu agira imvi, ivyo bikaba bishobora gutuma haboneka inzira yo gutuma imvi ziteba kuza canke yo gutuma umuntu atamera imvi ageze mu za bukuru.

Gusiga irangi umushatsi birashobora gutuma imvi zitaza ariko ubwo bushakashatsi bwagizwe kuri ako gace k’umubiri, bwerekana ko bishobora gutuma imishatsi itamera.

Umugwi mpuzamakungu w’abahinga warafashe ADN y’abantu bashika 6000 bavyemeye kugushaka bava I Buraya, Amerika no muri Afrika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock
Image caption Agace k'umubira gatuma umuntu agira imvi

Ako gace k’umubiri kazwi kw’izina rya IRF4 ni ko karanga imishatsi isanzwe, urukoba n’ibara ry’amaso bita Melanin.

Umushakashatsi wo muri kaminuza ya London, yavuze ko bamaze kumenya uduce tumubiri dutuma umuntu agira ubuhanza, irangi ry’umushatsi hamwe n’uko imishatsi imeze.

Ibindi bisa n’ibi