Gukoresha amazina atari yo kuri internet bigiye guhanwa

uk
Image caption Sentare

Abantu biyita amazina y’amahimbano ku mbuga ngurukanabumenyi bashobora kwitwarirwa nk’uko bisabwa n’abashikirizamanza bo mu gihugu c’Ubwongereza.

Abashikirizamanza bavuga ko abantu bakuze bategerezwa kwitwarirwa igihe bokoresha amazina y’amahimbano ku mbuga ngurukanabumenyi, kugira bakorere ikibi abandi.

Kandi n’abantu bashira kuri izo mbuga amafoto ateye isoni canke y’ububeshi, bagatuma haba ibintu bibi na bo nyene bazitwarirwa.

Abashikirizamanza kandi bazohindura amategeko kugira abakozi babo bose bategere neza ubukozi bw’ikibi bw’ubu.

Image caption Imbuga ya twitter

“Ibiganiro vy’indwi zitandatu vyerekeye izo mpundika vyatanguye,” nk’uko vyavuzwe n’umukuru w’bashikirizamanza Alison Sanders.

Ugukoresha nabi imbuga ngurukanabumenyi biva ku bwoba ariko birashobora kugira ingaruka mbi kubo baba bandikako.

Ariko abashikirizamanza bavuga ko abana batazitwarirwa kubera baba bataramenya ikibi n’ikiza.

Ibindi bisa n’ibi