Korea ya ruguru yiteguriye gukoresha ibirwanisho vy'ubumara

north korea Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Korea ya ruguru Kim Jong-un

Prezida wa Korea ya ruguru, Kim Jong-un yasavye abasirikare b’ico gihugu kugaba kugira bakoreshe ibirwanisho vy’ubumara”umwanya uwo ari wo wose”, nk’uko bivugwa n’ibimenyeshamakuru vya reta muri ico gihugu.

Yabwiye abakuru ba gisirikare ko Korea ya ruguru igiye guhindura ingene ikora mu vya gisirikare ku buryo yama yiteguye gukumira ibitero, nk’uko bimenyeshwa na KCNA.

N’aho ico gihugu kivuga gutyo, ntibiramenyekana intambwe cateye mu gukora ibirwanisho vy’ubumara.

Onu yarafatiye ibindi bihano ruhasha ico gihugu inyuma yo kugerageza ibirwanisho vy’ubumara hamwe na missile zirasa kure cane.

Inyuma yo gufatirwa ivyo bihano, Korea ya ruguru yaciye yishura mu kurasa rokete zitandatu zidashika kure cane.

Image caption Igeragezwa ry'ibisase vy'ubumara

KCNA ivuga ko Kim yabivuze mu gihe hariko haraba imyimenyerezo ya gisirikare ku musi wa kane.

Bizwi ko wari umwanya ivyo bisase vyaterwa.

Yavuze ko Korea ya ruguru”ni ngombwa ko yitegura gukoresha ibirwanisho vy’ubumara umwanya uwo ari wo wose” kubera abansi bageramiye ico gihugu.

“muri ico gihe kitoroshe aho abanamerika batera ibindi bihugu n’abandi bantu, inzira yonyene yo kuringa ubwigenge bwacu no kubandanya kubaho, n’uguteza imbere inguvu z’ibirwanisho vy’ubumara,” uko ni ko basubiyemwo ivyo yavuze.

Ibindi bisa n’ibi