Kwifashisha video ku bahagarikizi bigiye kwemerwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abahagarikizi bazokoresha amasanamu mu gufata ingingo zimwe zimwe gusa, nko gutanga ikarata itukura

Ishirahamwe rigenga amategeko akurikizwa mu mupira w'amaguru ryemeye ko hatangura kugeragezwa gukoresha amasanamu mu gufasha abahagarikizi gufata ingingo.

Gukoresha ubwo buhinga bizogeragezwa mu nkino zimwe zimwe ikiringo c'imyaka ibiri.

Gukoresha amasanamu asubiwemwo bizokoreshwa abahagarikizi bakeneye gufata ingingo zimwe zimwe gusa nko kwemeza ko igitego cinjiye canke kitinjije, gutanga penaliti, niba umukinyi yohabwa ikarata itukura, canke umuhagarikizi yihenze ku mukinyi.

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, Gianni Infantino yavuze ko iyi ngingo ari amateka ku mupira w'amaguru.

Yavuze ko bigaragaza ko abajejwe uwo mukino bumviriza abakunzi bawo.