Ishirahame rya Buraya ritabariza Ubugiriki

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ubugiriki bwakira ku munsi impunzi ziri hagati y'ibihumbi bibiri na bitatu

Umukuru w'urwego rw'ishirahamwe rya Buraya rujejwe abimukira avuga ko Ubugiriki bwarengewe n'ubwinshi bw'abimukira n'impunzi bwakira.

Dimitris Avramopoulos yahamagariye ishirahamwe rya Burya guhagurukira rimwe rigahangana n'iki kibazo, ntibagihebere gusa Ubugiriki canke Ubutaliyano.

Abimukira habarurirwa hagati y'ibihumbi bibiri na bitatu nibo bigereranywa ko bashika mu Bugiriki buri munsi.

Ariko benshi muri bo ntibashobora kubandanya mu Buraruko kubera amategeko yashizweko na Autriche hamwe n'ibihugu vyo mu karere ka Balkan