Ababikira b'Abanyarwandakazi biciwe i Yemen

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa ababajwe n'iyicwa ry'ababikira bane, barimwo Abanyarwandakazi babiri

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yiyamirije iyicwa ry'abantu 16 muri Yemen, barimwo n'ababikira b'Abanyarwandakazi.

Bishwe ejo kuwa gatanu n'abantu bitwaje ibirwanisho vyibazwa ko ari abarwanyi ba ki Islam, mu kigo gicumbikiye abatama n'abatamakazi.

Vatikano yavuze ko Papa yababajwe cane n'ubwo bwicanyi, bwafashwe nk'igikorwa c'amadayimoni.

Amakuru yabanje kumunyekana yavuga ko ababikira bane bishwe bose bamuka mu Buhindi, ariko ibiro ntaramakuru vy'i Vatikano vyaje kuvuga ko barimwo Abanyarwandakazi babiri, Umunyekenyakazi hamwe n'Umuhindikazi.

Nta mugwi uremanga ko ariwo wagavya ico gitero cabereye mu muji wa Aden.