Baturiye ibihumbyi vy'amatiyara muri Pakistani

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kugurukana itiyara birabujijwe i Punjab muri Pakistan

Amatiyara arenga ibihumbi umunani yaturiwe ku mugaragaro mu gihugu ca Pakistani amaze gufatwa n'abajejwe intwaro muri ico gihugu.

Guturirwa kw'izo tiyara mu muji wa Faisalabad, ni imwe mu ngingo zafashwe zigamije kubuza kugurukana itiyara mu ntara ya Punjab, mu gihe c'isabukuru ya Basant iriko irahimbazwa muri kino gihe.

Amatiyara yarabujijwe muri iyo ntara kuko izifise utugozi tudacika, canke utwakarishwe n'ibimanyu vy'ibiyo, zishobora guteza impanuka zibamwo n'urupfu.

Mu wundi muji wa Multan, itiyara ibihumbi mirongo itanu zafashwe n'igipolisi kizisanze mw'ihinguriro.

Ariko amakuru avuga ko itegeko ryo kubuza kugurukana izo tiyara rirengwako cane mu ntara ya Punjab.