Leta ya Tuniziya yatesheje abagavye igitero

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Beji Caid Essebsi, avuga ko leta yasubije ibintu mu buryo i Ben Guerdan

Umukuru w'igihugu ca Tuniziya, Beji Caid Essebsi, avuga ko ibintu vyasubiye mu buryo i Ben Guerdan, nyuma y'igitero c'abarwanyi ba ki Islam.

Abantu bashika mirongo itanu na batatu bagizwe ahanini n'abarwanyi, biciwe muri ico gitero catumbereje ibigo vy'abasirikare n'abapolisi.

Umukuru w'igihugu yavuze ko cari igitero giteguwe kandi kitari bwaboneke, avuga ko ari ububisha bubi bwaje buzanana muri Libya.

Ntibiramenyekana umugwi wagavye ico gitero uwo ariwo, ariko abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam birazwi ko bakorera muri Libya mu karere katari kure y'urubibe na Tuniziya.