EU na Turkia bimirije kwumvikana ku bimukira

europe migrants Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abimukira barenga 13,000 bari ku rubibe rw'Ubugiliki na Macedoine

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya na Turkia bavuga ko bumvikanye ku bintu bikuru bikuru bigize umugambi wo gutorera inyishu ikibazo c’abimukira mu nama yabereye I Bruxelles, itashitse ku ngingo ya nyuma.

Umukuru w’akanama k’ibihugu vya Buraya, Donald Tusk, yavuze ko abimukira bose bashikira mu Bugiliki bavuye muri Turkia badakurikije amategeko bashobora kuzosubizwa inyuma.

Ku munye Syria wese asubijwe inyuma, Turkia gishaka ko EU yemera umunye Syria umwe, kandi ahabwe imfashanyo ikwiye n’uburenganzira bwomufasha kwiyumva nk’umunya buraya.

Ibiganiro kuri uwo mugambi bizobandanya mu nama yimirije ya EU kuwa 17-18 ukwezi kwa gatatu.

Uburaya buhanganye n’ikibazo gikomeye c’impunzi kuva habaye intambara ya kabiri y’isi yose. Benshi mu bimukira baca muri Turkia, ubu bakaba bamaze kwakira abarenga imiliyoni 2.7 bavuye mu gihugu kibanyi ca Syria kirangwamwo intambara.

Ibindi bisa n’ibi