Sida: Mbeki yagirizwa gutanga inkuru zitari zo

south africa Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Thabo Mbeki

Ibimenyeshamakuru vyose mu gihugu ca Afrika y’epfo , uyu musi vyagize ibiganiro kuri politike y’umugera wa Sida y’uwahoze ari prezida w’ico gihugu, Thabo Mbeki.

Ico kibazo casubiriye kuvyuka inyuma y’aho Mbeki ageragereje kwisigura abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe ko atigeze ahakana ko umugera wa HIV ari wo utera Sida.

“Sinigeze mpakana ko umugera wa HIV ari wo utera ungwara ya Sida.”

Mu gihe c’ubutegetsi bwiwe, Mbeki, yaranebaguwe kuba yarahakanye inkurikizi ziterwa n’umugera wa Sida.

“Ibura ry’abasoda mu mubiri riterwa n’igwara ziva ku kintu kizwi. Iryo bura ntirishobora guterwa n’umugera n’uwo umwe,” uko ni ko Mbeki yabajije.

“Kuri jewe(Mbeki), ibura ry’abasoda riterwa riterwa n’umuvuguko w’iyandukira.”

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yavuze mu mwaka wa 2006 ko umugera wa HIV, ari wo utuma abantu benshi bapfa gusumba izindi ngwara zose mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Uwo muprezida w’imyaka 73 ntiyigeze asaba imbabazi kuba yaracafuje abaharanira agateka ka zina muntu, bavuga ko ico gihe iyo nyifato yari mbi kandi yari gutuma haba abntu benshi bandukirwa hanyuma bagahava bitaba Imana.

Ibindi bisa n’ibi