Birabujijwe kuganira kuri internet uri ku kazi muri Tanzania

tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp na Facebook

Ubushikiranganji bw’ibikorwa vya reta, gutwara abantu n’ibintu no gutumatumanako amakuru mu gihugu ca Tanzania, yabujije abakoze babwo kuganirira “guchat” ku mbuga ngurukanabumenyi zo kuri telefone ngendanwa mu masaha y’akazi.

Uwurongoye ubwo bushikiranganji, Makame Mbarawa yagaye iyo nyifato ya bamwe mu bakozi, bakoresha umwanya muremure mu biro, bamara umwanya muremure kuri izo mbuga, bigatuma umwimbu uba muke no kudatera imbere.

Yongeyeko ko abazofatwa bariko barabikora bazofatirwa ingingo hakurikijwe amategeko ata kigongwe, kandi asaba abakozi b’ubwo bushikiranganji gukorana umwete n’ubuhinga.

Ariko none ivyo birashobora kuja mu ngiro? Bivanye n’ingene abantu bakoresha izo mbuga ari benshi, kandi abazikoresha babona akarusho babikuramwo.

Image caption Abantu benshi bakoresha telefone ngendanwa kugira bamenye amakuru atandukanye

Bivanye n’iterambere ry’ubuhinga bwo guhanahana amakuru kw’isi, abantu benshi, na cane cane abakiri bato, bamara umwanya munini ku mbuga ngurukanabumenyi, ku matelefone ngendanwa n’inyabwonko(Ordinateur), kugira bashobore kuronka inkuru zitandukanye zo kw’isi no kwiga.

Mu gihugu ca Tanzania ikoreshwa ry’itumatumanao amakuru ryarateye imbere bikomeye, na cane cane ku mbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp, Facebook, Twitter na blog zitandukanye.

Ibindi bisa n’ibi