Trump yatsinze mu ntara za Michigan na Mississipi

amarica Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Donald Trump

Uwuza imbere mu bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba republicains muri Amerika, Donald Trump, yongereje icizere inyuma yo kuronka intsinzi mu ntara za Mississipi na Michigan.

Abahinga bavuga ko uko gutsinda kabiri kwahagaritse ivyakwirakwijwe mu mpera z’indwi iheze, ko ukwiyamaza kwa Trump kwagabanije inguvu.

Inyuma yo kuronka iyo ntsinzi, Trump yavuze ko arako aratuma umugambwe w’aba republicains uba rurangiranwa, uwo bahanganye na we, umukenguzamateka Ted Cruz na we yaronse intsinzi mu ntara nto ya Idaho.

Ku ruhande rw’aba democrates, bivugwa ko Bernie Sanders yaronse intsinzi mu ntara ya Michigan mu gihe Hillary Clinton yatahukanye intsinzi mu ntara ya Mississipi.

Ibindi bisa n’ibi