Umupfasoni yafatanye urugendo umwana mw'isakoshi

france Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ishirahamwe rya Air France

Umupfasoni umwe yafashe indege ava Istanbul mu gihugu ca Turkia gushika I Paris afise umwana yashize mw’isakoshi yo mu minwe, nk’uko vyavuzwe n’ishirahamwe ry’indege ry’Ubufaransa, Air France.

Iryo shirahamwe,rivuga ko uwo mwana yafashe indege atarishe itike, bamusanze muri iyo ndege mw’ijoro ryo ku wa mbere.

Inkuru ziva muri iryo shirahamwe zabwiwe itororokanirizo ry’amakuru rya AFP, ko uyo mupfasoni aba mu Bufaransa yari yashatse uwo mwana avuye muri Haiti amugire uwiwe.

Uwo mupfasoni yari arindiriye gufata iyindi ndege iva Istanbul ariko aca arabuzwa kurira iyo ndege afise uwo mwana, nk’uko izo nkuru zashikiriye AFP Yaciye agura iyindi ticket, aca anyegeza uwo mwana mw’isakoshi yo mu minwe.

Amaze gushika mu ndege, yaciye ashira uwo mwana hagati y’amaguru yiwe, aca aripfuka n’uburengerengeti, ariko uwo mwana w’umukobwa yashatse kuja kwituma, aca abonwa n’abandi bari muri iyo ndege.

Ntibiramenyekana imyaka uwo mwana yari afise, hari gusa inkuru zivuga ko afise imyaka ine, mu gihe abandi bavuga ko yoba afise umwaka umwe canke ibiri.

Ibindi bisa n’ibi