Ubwato bwa Korea ya ruguru ntiburekuriwe kuja mu Bushinwa

china Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwabto bucungera amazi y'Ubushinwa

Ubushinwa bwankiye ubwato bwa Korea ya ruguru kwinjira ku bivuko vy’ico gihugu kuva uyu musi.

Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubushinwa , bivugwa ko yatangaje ivyo bihano mu nama ya buri mwaka y’umugambwe wa Gikominista.

Iyo ngingo ijanye n’ibihano bikomeye vyatangajwe na Onu ku gihugu ca Korea ya ruguru mu ndwi iheze.

Ubuyapani nab wo bwiyamirije Korea ya ruguru kubera ingingo yo kurasa missile zidashika kure mu burengero bw’ico gihugu.

Ku musi wa kabiri, umukuru wa Korea ya ruguru, Kim Jong Un yavuze ko igihugu ciwe cakoze ubumara bushobora gushirwa kuri missile zishjika kure.

Ibindi bisa n’ibi