Hillary na Sanders bahanganye bikomeye muri Florida

america Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Clinton na Sanders

Abahiganirwa kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba democrates muri Amerika, Hillary Clinton na Bernie Sanders bahanganye bikomeye ku kibazo c’abimukira hamwe no ku bindi bibazo mu kiganiro cabereye mu gisagara ca Florida.

Ico kiganiro cerekanywe kuri television mu gisagara ca Miami, cabaye imbere y’imisi mike imbere yuko haba amatora I Florida.

Iyo ntara yo mu bumanuko bwa Amerika ni ngira kamaro cane kuko ivamwo abaserukira abandi 246.

Sanders yararonse intsinzi atari yiteze mu ntara ya Michigan ku musi wa kabiri ariko Hillary na we yarongereje icizere co gutahukana intsinzi mu gutsinda mu ntara ya Mississipi.

Mu mugambwe w’aba republicains, uwuza imbere ubu Donald Trump yaratsinze mu ntara zitatu za Michigan, Mississipi na Hawai.

Ibindi bisa n’ibi