Amerika yafashanije na Somalia mu gutera al-Shabab

somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi ba Al-Shabab

Abasirikare ba Amerika barafashanije n’aba Somalia mu gutera ikambi imwe y’abarwanyi b’umugwi wa Islamic State, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.

Umuhari wa al-Shabab wari wamenyesheje ko waburijemwo ico gitero c’igisirikare c’abanyamahanga, ariko abategetsi ba Amerika bavuze ko abarwanyi indiri b’uwo muhari bishwe ku musi wa gatatu.

Ibihugu vyinshi biriko birafasha abategetsi ba Somalia mu mugambi wabo wo kurwanya abagwanyi ba Al-Shabab.

Ico gitero kibaye mu gihe Amerika yamenyesheje ko yakoze igitero c’indege ku musi wa gatandatu mw’ikambi imwe umuhari Al-Shabab yimenyererezamwo.

Al-Shabab yavuze ko umugwanyi umwe gusa wabo yishwe, mu gihe abategetsi ba Somalia bavuga ko abarwanyi bapfuye ari 15.

Ibindi bisa n’ibi