Inzovu yasubiye muri Somalia inyuma y'imyaka 20

somalia
Image caption Morgan yashizweko icuma co kuyicunga iyo ija mu kwezi kwa cumi na kabiri

Inzovu imwe izwi kw’izina rya Morgan yarashoboye kujabuka urubibe irinjira mu gihugu ca Somalia muri uku kwezi, bukaba bwabaye ubwa mbere iyo nzovu iboneka muri ico gihugu haraheze imyaka 20.

Iyo nzovu Morgan ifise imyaka 30, yashizweko icuma gituma bayikurikirana mu kwezi kwa cumi na kabiri mu karere ka Tana River, ku nkengera y’igihugu ca Kenya, hagati na hagati mu kwezi kwa kabiri imbere yo gutangura kuza iragenda ahantu hatitezwe ishaka kuja muri Somalia, aho yashitse ku rubibe inyuma y’idwi zitatu.

Urugendo rwayo rwaratanganje abakozi bo mu bidukikije, bavuga ko ivyo vyerekana ko iyo nzovu yibuka inzira za kera inyuma y’imyaka myinshi ivuye mu gihugu ca Somalia kubera intambara.

Urugendo rwa Morgan ni ikimenyetsi ntahinyuzwa ko urubibe rwa kenya na Somalia, utanguye kuba nyabagendwa mu vyo umutekano, kandi ko mu gihe hogaruka amahoro mu bumanuko bwa Somalia, inzovu ubu ziri mu buhungiro zizosubira muhira.

Image caption Uko gusubira muri Somalia kwa Morgan n'ikimenyetso ko hatanguye kuboneka umutekano ku rubibe rwa Somalia na Kenya

Kuva mu karere ka Tana River Morgan, iyo nzovu yagiye uburebure bw’ibirometero mirongo ibiri mw’ijoro rya mbere imbere yo kwinyegeza mw’ishamba rinini, hanyuma ibandanya urugendo umusi ukurikira.

Yabandanije uko imisi cumi n’umunani.

Ibindi bisa n’ibi