Prezida Dos Santos azova ku butegetsi mu 2018

angola Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Jose Eduardo Dos Santos

Prezida wa Angola, Jose Eduardo Dos Santos, yavuze ko afise umugambi wo kuva ku butegetsi mu 2018, inyuma yo gutwara ico gihugu imyaka yababa 40.

Yatangaje ivyo mw’ijambo yashikirije muri komite nkuru y’umugambwe uri ku butegetsi wa MPLA, arongoye kuva mu 1979.

Mu mwaka 2001, Dos Santos yavuze ko hari igihe atokwitoza kandi, ariko yagumye ku butegtsi. Angola ni igihugu ca kabiri muri Afrika, ariko ubutunzi bw’ico gihugu bwaramanutse cane kubera igiciro c’ibitoro cagabanutse.

Ubu Angola iriko iraganira na Banke nkuru y’isi yose na FMI ngo ironke imfashanyo y’amahera.

Ibindi bisa n’ibi