Igisirikare ca Sudan y'epfo cishe abarenga 60

south sudan Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Amnesty International rivuga ko abo nantu bari bapfungiwe ahantu hatagira ihemero

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International ryagirije igisirikare ca Sudan y’epfo ko cishe abana b’abahungu 60 hamwe n’abagabo.

Abo bantu buganaraniwe ahantu hatagira idirisha, hatagira n’intoboro yo guhemeramwo, aho baciye bapfira kubera kubura impwemu hamwe n’ubushuhe bwinshi.

Amnesty International yavuze ko ubwo bwicanyi bwabereye hanze y’isengero ya katolika iri mu gisagara ca Leer, mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Sudan y'epfo

Reta ya Sudan yabihakanye.

Iryo shirahamwe ryongerako ko abavyiboneye bumvise abo bapfungwa bariko bararira bongera bahondagura barondera uwobakurayo.

Abo babibonye babwye Amnesty International ko abishwe bari abadandaza n’abanyeshure, ko rero batari abagwanyi.

Ishirahamwe rimwe rirwanya intambara muri Sudan y;epfo rivuga ko igisirikare c’ico gihugu camenye ko abo bantu ari yo bapfungiwe, ariko baranka kubatabara.

Ibindi bisa n’ibi