Abarwanyi bakubagura abakenyezi nk'agahembo

south sudan
Image caption Abasirikare ba Sudan y'epfo bagirizwa ivyaha vyo mu ntambara

Abarwanyi bari bashigikiye igisirikare ca Sudan y’epfo bararekurirwa gufata ku nguvu abakenyezi nk’agahembo igihe bariko barafasha kurwanya umuhari warwanya reta, nk’uko biri mu cegeranyo ca Onu.

Abagira amatohoza basanze abapfasoni 1,300 barafashwe ku nguvu mu mwaka uheze, mu ntara igwiriyemwo igitoro ya Unity yonyene.

Mu vyegeranyo bitandukanye, Amnesty International yavuze ko abagabo barenga 60 n’abahungu bakiri bato bashizwe mu kibanza kitagira isaganirizo n’abasirikare ba reta, aho bapfiuye bazize kubura impwemu.

Reta yarahakanye ko yagize ibikorwa bibi ku banyagihugu basanzwe ariko ko bariko baragira amatohoza.

“Turafise amategeko tugenderako, dutegereza kuyagenderako,” uko ni ko umuvugizi wa Salva Kiir, Ateny Wek Ateny, yabwiye BBC Newsday.

Image caption Zeid Hussein

Urugero n’uburyo hafatwa ku nguvu abakenyezi mu gihugu ca Sudan y’epfo bireteye isoni birenze kurusha ahandi hose kw’isi, nk’uko bivugwa na Zeid Ra’ad Al Hussein, ashinzwe agateka ka zina muntu muri Onu.

Umupfasoni umwe avuga ko yabonye aho umwana w’umwigeme w’imyaka 15 ariko afatwa ku nguvu n’abasirikare 10, inyuma yo kwica umugabo wiwe.

Onu ivuga abagwanyi bashigikiye reta banyuruza abakobwa bagaca babafata ku nguvu, hanyuma bagatemagura abanyagihugu ata co bazira.

Baragiriza kandi abarwanya reta ko bakoze ibikorwa bibi bisinzikaza agateka ka zina muntu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abasirikare ba Sudan

Abagize amatohoza ba Amnesty International bavuga ko abapfuye bazize kubura impwemu baciye babata mu gahinga mu kwezi kw’icumi, mu gisagara ca Leer, mu ntara ya Unity.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barishwe abandi amamiliyoni barata izabo kuva mu 2013.

“Abantu barenga bishwe urubozo bari mu minwe y’abasirikare ba reta, mu bisanzwe botegerejwe gukingira."

Ubwo bwicanyi bw’agahomerabunwa bikwiye kugirirwa amatohoza,” nk’uko bivugwa na Lama Fakih wo muri Amnesty International.

Ibindi bisa n’ibi