Abarwanya abimukira si abanyamacakubiri

uk Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Musenyeri Justin Welby

Musenyeri mukuru wa Cantebury, Justin Welby yavuze ko ari amakosa kuvuga ko abantu bafise ubwoba ku bimukira ko bafise amacakubiri.

Hari ubwoba bwerekeye inzu bazobamwo, akazi hamwe n’amagara yabo, nk’uko yabibwiye inama nshingamateka.

Ariko yasavye Ubwongereza kwakira bamwe mu bimukira n’impunzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amukira

Welby yipfuza ko hoba impari yo kuraba ko hokenerwa amatora yo kwemera canke guhakana abimukira, aca avuga ko ata mukristu n’umwe abona co kimwe n’uwundi uko abongereza botora.

Yavuze ko : ni ngombwa ko dufata ingingo ariko tumenye ico turiko turakora kw’isi. Iki gihugu gifise kahise cisangije, turabe kure mu myaka 100 iheze.

Ibindi bisa n’ibi