Erdogan yahigiye abakora iterabwoba

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Igituro catewe caciye cugarwa, abajejwe gutabara bagerageza gufasha abakomeretse.

Bugize gatatu haba ibitero nka bene ico muri Turkiya muri ano mezi make aheze.

Perezida Erdogan yavuze ko abakora iterabwoba batumbera ku banyagihugu ataco bazira, kuko batsinzwe intambara n'abajejwe umutekano.

Muri leta batunga agatoke abarwanyi b'aba Kurdes, ari nabo barezwe igitero gisa n'ico c'ejo, cabaye mu kwezi guheze.

Igisirikare ca Turkiya caciye kigaba ibitero ku birindiro vy'aba Kurdes mu buraruko bwa Iraq, inyuma y'ico gitero ca Ankara.

Abategetsi bakeka ko umurwi w'aba Kurdes PKK ariwo wakigavye.

Ariko kugeza ubu nta murwi uremenga ico gitero.

Turkiya yataye muri yompi abantu bane mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu, bakekwako uruhara mu gitero c'ejo.

Biravugwa kandi ko igipolisi capfunze abandi bantu baharurwa mu mirongo, bakekwa gukorana n'umurwi w'abarwanyi, mu bumanuko bw'umuji wa Adana.

Ariko kandi Turkiya yaratewe n'umurwi wa Islamic State, aho umwiyahuzi yahitanye abantu barenga 100 mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.

Image caption Ibitero bisa n' ico vyari bimaze kugabwa muri Turkiya

Turkiya ni kimwe mu bihugu vyunze ururani rwo kurwanya IS, ico gihugu kikaba kandi gihanganye n'umurwi w'abarwanyi b'aba Kurdes PKK mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu.