Abacamanza barya ibiturire bahawe gasopo mu Burundi

burundi
Image caption Umushikiranganji w'ubutungane Kanyana Aimee Laurentine

Umushikiranganji ajejwe ubutugane mu Burundi, Kanyana Aimee Laurentine, avuga ko amaze kubona ko ibiturire biribwa muri ico gisata ajejwe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku wa mbere, Madame Aimee Laurentine Kanyana yavuze ko “mu mezi atandatu tumaze mu bushikiranganji bw’ubutungane, twararonse umwanya wo kuraba turabona neza aho igiturire kiribwa, igihe kiribwa n’uburyo kiribwamwo’’.

Yamenyesheje ko guhera uno munsi agize ”ikigongwe c’ikivunga’’ ariko ko kuva ubu umucamanza ‘’azofatwa yagiye kurya igiturire akaja kuryanisha abanyagihugu azohanwa vy’akarorero’’.

Ministre Kanyana nta mazina y’abo bamaze gufata yavuze ariko ngo ubasanga mu masentare yose harimwo ayo intango, muri sentare irwanya ibiturire, sentare ijejwe imanza z’akazi, mu bugenzi bw’ubutungane mu bushikiranganji.

Biranashika n’umuntu yafatanywe ibigwanisho akanavyiyemerera arekurwa adaciriwe ibihano bitegekanijwe n’amategeko.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’agateka ka zina muntu yari asanzwe akunda kwagiriza ubucamanza mu Burundi ko bwiziziwe n’ibiturire.

Kwumva umushikiranganji avyemeza bije gushigikira ivyo yahora avuga.

Ibindi bisa n’ibi