Ivyo abarokotse kuri Grand-Bassam babonye

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ihoteri Grand_bassam iri hafi y'aharasiwe abantu barimwo abanyamahanga ku musenyi

Umugore w'umunya Cote d'Ivoire yavuze ko yitiranije abagavye ico gitero b'abo mu nzego z'umutekano mu gihe bariko baregera aho ari -kugeza batanguye kurasa abantu babegereye.

Umugore w'Umubirigikazi yiganye ingene yihishe mu kazu ka surwumwe mw'ihoteri, n'umwana wiwe w'umwaka, igihe abo bantu bari bipfunze ibitambara mu maso, bariko barahiga abo bica iruhande yiwe.

Abanyagihugu basanzwe 14 kimwe n'abasirikare 2 bahitanye n'ico gitero, imbere y'uko inzego z'umuteknao ziza gutabara zikica 6 mu bateye.

Umurwi wiyitirira idini rya islamu, Al Qaeda, ukorera mu karere ka Maghreb, wiyitiriye ico gitero.

Ibitero bisa nk'ico, vyaheruka kugabwa ku mirwa mikuru ya Mali na Burkina Faso, muri aya mezi ashize.

Ibindi bisa n’ibi