Igitutu kuri Syria imbere y'ibiganiro

syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intambara yo muri Syria imaze guhitana abantu 250,000, ica kabiri c'abanyagihugu na bo bata izabo.

Ibihugu bikomeye vya Buraya vyanebaguye ingene Syria iriko irashira inguvu nyinshi mu kwerekana ibidategerazwa kuganirwako mu biganiro bitegekanijwe kuri uyu wa mbere.

Umushikiranganji wa Syria ajejwe imigenderanire n’amakungu, Walid Muallem , ku musi wa gatandatu yariamirije ibiganiro vyose vyoza bivuga ivyerekeye amatora ya Prezida.

Umunyamabanga wa Amerika n’amakungu, Joh Kerry, yishuye yagiriza Syria ko bashaka kuburizamwo ivyo biganiro.

Ivyo biganiro birongowe na Onu ni vyo vya mbere bishemeye vyerekana akigoro k’amakungu kuva Uburusiya butanguye ibitero vy’indege mu kwezi kw’icenda.

Mu biganiro vy’I Geneve, abaserukira ibihugu vyabo bizeye kubandanya kwubakira ku gahengwe kadashemeye k’imfatakibanza, kagabanije imishamirano mu gihugu ca Syria kuva gashizweho mu mpera z’ukwezi kwa kabiri, nk’uko vyandikwa n’umumenyeshamakuru wa BBC, Bethany Bell.

Ariko icizere c’ibiganiro kiri hasi cane.

John Kerry yahuye n’umushikiranganji w’ubufaransa ajejwe imigenderanire, uwo Ubudagi n’Ubwongereza ku musi w’Imana.

Ihagarikwa ry’intambara ry’umvikanyweko n’impande nyinshi mu bashamiranye, ryatanguye kuja mu ngiro mu mpera z’umwaka uheze.

Iryo hagarikwa ry’imigwano rikumira ariko abayita abarwanyi ba Islamic State(IS) n’ishami rya al-Qaeda ryo muri Syria.

Ico iryo hagarikwa ry’intambara vy’agateganyo rigamije, ni uguha akaryo impande zose hamwe n’abazishigikiye kugerageza kurangiza iyo ntambara imaze imyaka itanu.

Ibindi bisa n’ibi