Inyuma y'imyaka 56, umwana yaronse ikete rya se

taiwan
Image caption Huang yanyonzwe mu 1953

Ijoro ry’imbere y’uko Huang Wen-Kung yicwa, yaranditse amakete atanu umuryango wiwe, harimwo n’iryo umwana wiwe w’umukobwa w’amezi atanu, atigeze anabona.

Bwabaye ubwa mbere kandi ubwa mbere avugana na we.

“Mukundwa wanje Chun-Ian, nafashwe igihe wari ukiri mu nda y’umuvyeyi wawe,” uko ni ko yavuga mw’ikete ryo 1953.

“Se n’umwana ntibashobora kubonana. Alas, nta kintu kibi nk’iki kibaho gusumba iki kw’isi.”

Umukobwa wiwe yagiye kuronka iryo ikete inyuma y’imyaka 56.

“Nkisoma umurongo wa mbere gusa, naciye nkoma induru,” ni ko Huang Chun_Ian yavuze. “ Impera n’imperuka ndashoboye kugiriranira imigenderanire na data. Nasanze noneho ntafise data gusa, ahubwo ko uwo data yankundacane gose.”

Ayo makete yari amwe mu mpapuro 300 yahawe umupfasoni umukobwa wa Huang igihe yasaba impapuro zerekeye sekuru mu bubiko bw’impapuro bwa reta mu 2008.

Ivyo vyatumye abakozi bo muri ubwo bubiko batora inyandiko z’abantu ku giti cabo, cane cane amakete yarungikiwe imiryango, izindi mfungwa za politike 179 banditse imbere y’uko banyongwa mu kiringo ciswe “White Terror”, ikiringo cabereyemwo ubwicanyi butagira izina.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakekwa kuba barwanya reta barahagaritswe, kandi n’imiburiburi 1,200 baranyonzwe, hagati y’umwaka 1949 na 1992.

Ayo makete, n’itorwa ry’uwahora arwanya reta Tsai Ing-Wen nka Prezida, vyatumye haba ukwihweza bushasha ivyabaye muri ico kiringo kibi no mu kiringo c’abamubanjirije, ku bantu 228.

Iryo ryari ihigwa buhongo ry’abari mu myiyerekano baterekwa umugambwe wari ku butegetsi muri Taiwan, Kuomintang, aho wari watsinzwe n’abakoministe mu Bushinwa.

Igitigiri c’abanyagihugu bishwe ico gihe boba bashika ico gihe bari hagati 2,000 na 25,000.

Abahinga bavuga ko hari vyinshi bitazwi muri ivyo biringo, bivuye kukubura umuco.

Reta ntiyigeze imenyesha igitigiri nyaco c’abahasize ubuzima.

No mu bitaro vya kahise ntibabirandirako, nk’uko bivugwa n’abashakashatsi.

Abize kahise bavuga ko impaburo zishobora kuba zaraturiwe.

Image caption Umupfasoni Huang yaronse amakete ya se inyuma y'imyaka 56 arinze kuzisaba

Mu 2002, ni ho muri Taiwan hashirwaho itegeko ribuza kwonona impapuro ngirakamaro.

Prezida wa Taiwan aherutse gutorwa, yavugiye ku mugaragaro ko uko igihugu kizokwiga ikibazo cerekeye kahise, bizogira ingaruka mu mibano na politike muri kazoza k’ico gihugu.

Prezida aherutse kwemanga ko ata co arakora gishemeye ku vyerekeye ico kiringo, n’aho yagenye umusi w’itariki 28 z’ukwa kabiri, nk’umusi w’akaruhuko mu kwibuka abantu 228 bishwe, ibibanza vyo kwibuka, indishi y’akababaro hamwe no gusaba ikigongwe.

“Ukuri gusa ni ko kuzotuma haba gusubiza hamwe,” ni ko aheruka kuvuga. “Ugusubiza hamwe ni ko kuzozana ubumwe. Ico gihe ni ho Taiwan izotera imbere.”

Yiyemeje kurondera ukuri n’ubutungane.

Ibindi bisa n’ibi